Amakuru
14 juin 2022

Harakwiye ubutungane ku banyeshure b’Abahutu biciwe muri kaminuza y’Uburundi

Kuri uyu wa gatandatu ni ho haba ibirori vy’ukwibuka imyaka 27 irangiye hagandaguwe abanyeshure b’Abahutu biga muri kaminuza y’Uburundi. Ambassadeur Joseph Nkurunziza, arongoye urwego nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Zirikana UB-95, asaba ko homenyekana abakoze ubwo bwicanyi bakongera bakarengutswa imbere y’ubutungane.