Amakuru
29 novembre 2023

Harakwiye kujaho umurwi wo kunagura imigenzo myiza (F. Bamvuginyumvira)

Amabi akorerwa abakenyezi ava kw’itituka ry’imigenzo myiza. Iyo ni insiguro itangwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta. Ivyo bikava kandi ku ndyane z’urutavanako mu gihugu. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, leta irashobora gutuza ayo mabi mu guhimiriza no mu kwigisha abanyagihugu, maze igashinga n’amategeko ahasha ayo mabi. Abivuga mu gihe c’iminsi 16 yahariwe gutuza amabi akorerwa abakenyezi.