Abakenyezi b’Abarundikazi barateye intambwe ikomeye muri kahise kabo, ariko rero hariho inzitizi nyinshi kugira bashikire ubwigenge nyabwo. Muri vyo bikibabangamiye, harimwo ukutagira itegeko ryerekana ingene umukenyezi atorana hagati ya basaza biwe. Ketty Nivyabandi, aharanira agateka ka zina muntu, yerekana ko imwe mu migenzo n’imvugo y’ikirundi bikiri mu bituma agateka k’abakenyezi kabangamirwa cane. Abona ko ugufata co kimwe umwigeme n’umuhungu mu miryango ari co gishobora gutuma haba ubwigenge bungana kuri bose.
Amakuru
6 septembre 2022
