Agriculture
6 mars 2024

Harakwiye ingingo zigabanya ingaruka zivuye kw’ihindagurika ry’ibihe (INADES)

Abarimyi barakwiye kuraba uko baza baravangavanga ibiterwa mu gihe bishoboka mu ntumbero yo kugabanya ingaruka ziterwa n’ihindagurika ry’ibihe. Bivugwa na Audace Ndikumana, ajejwe imigambi mw’ishirahamwe INADES Burundi. Yabivugiye mu ruganda rwatunganijwe n’ubushikiranganji bw’Uburimyi ku vyerekeye ingingo zofatwa mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Ku bw’uwo muhinga, gutera ivyatsi kurinda inkukura na vyo biri mu bituma ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe zigabanuka kubera imvura nyinshi.