Amakuru
18 mai 2022

Harakekwa ko hari umuyobozi yahunze urugamba mu gitero co ku wa 3 Rusama ku basirikare b’Abarundi

Amatohoza yaratanguye inyuma y’igitero cakozwe n’intagondwa za Al-Shabab ku kirindiro c’abasirikare bo muri bataillon ya 61 ya ATMIS iherereye mu karere ka Ceel Baraf. Intwazangabo y’ipete rya major Emmanuel Nimbona, batazira Kibosi, yari icegera c’uwutwara iyo bataillon, aramaze kwumvirizwa muri ino ndwi turiko turasozera n’uwurongoye inteko z’Uburundi. Yagirizwa kuba yarataye bagenziwe mu kaga mu kubatana urugamba ari kumwe n’igice kinini c’abasirikare bari kuri ico kirindiro.