Amakuru
12 août 2024

Haracakenewe guhimiriza abanyagihugu mu kurwanya ibihara vy’inkende (V. Manirambona)

Abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega baracakeneye guhimirizwa mu bijanye no kurwanya no gukinga indwara y’ibihara vy’inguge mu gushira imbere isuku. Buramatari w’intara ya Gitega, Venant Manirambona, ahamagarira abanyagihugu arongoye kwitaho isuku, mu gushira amazi ahahurira abantu benshi kugira baze baribuka gukaraba iminwe, na cane cane mu masoko, ibituro vy’imiduga hamwe n’ibirabo n’uburiro.