Amakuru
12 juillet 2023

Handball : Uburundi bwatahukanye intsinzi mu rukino rwabuhuje n’Urwanda

Uburundi bwaraye butsinze umurwi nserukiragihugu w’Urwanda mu rukino rw’amaboko rwa handball rw’abatarenza imyaka 19. Hari ku w’Imana igenekerezo rya 9 Mukakaro mu gisagara ca Bujumbura. Iyo mirwi yompi isanzwe izokwitabira ihiganwa ry’igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Croatie mu ntango z’ukwezi kuza yari yatunganije urwo rukino mu ntumbero yo kwitegurira iryo higanwa.