Amakuru
23 décembre 2022

Hamwe leta yobishaka, abatavuga rumwe na leta bariteguriye kugirana ibiganiro na yo

Abatavuga rumwe na leta bariteguriye kuganira hamwe leta yobishaka. Bivugwa na Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA uri no mu runani rutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega CFOR-Arusha. Charles Nditije avuga ko bashimishwa n’imvugo nziza imaze igihe ikoreshwa n’umukuru w’Igihugu ariko barindiriye ko iyo mvugo ikwirikirwa n’ibikorwa.