Amakuru
14 mai 2024

Hakwiye kwongerezwa umutekano mu bibanza bihuriramwo abantu benshi (E. Nahimana)

Abatera ivyatsi ibitero vy’amagrenade yatewe ku munsi wa gatanu w’indwi iheze mu gisagara ca Bujumbura babandanya bibonekeza. Aho ni nk’umugambwe UPRONA wegereye ubutegetsi. Ernest Nahimana awuvugira asaba leta kwongereza abajejwe umutekano ahantu hahurira abantu benshi nko ku bituro vy’imodoka zunguruza abantu. Anegura ivyo bitero na rirya ko ku bw’iwe usanga bihitanye abanyagihugu ata ho bahuriye na politike.