Amakuru
13 mars 2024

Hakwiye kubaho kwiga gushasha ibijanye na demokarasi n’amatora mu Burundi (L. Ngendakumana)

Ivyashikiye umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yaraye akombowe muri ayo mabanga biciye mu vyo bise amatora, nta we vyotangaza kuko si ubwa mbere imigambwe icibwamwo imirwi cane cane iyo himirije amatora. Ivyo bivugwa na Léonce Ngendakumana, yigeze kurongora umugambwe Sahwanya-FRODEBU, aho abona ko mu Burundi harimwo abantu bataramenya gutandukanya intwaro rusangi n’amatora. Uwo munyepolitike abona ko umuti urama ari uko hoba ibiganiro Abarundi bakarabira hamwe ko bobandanya n’intwaro ishimikiye ku migambwe myinshi, babonye ko bidashoboka bakabifuta bakaraba iyindi nzira yo kurongora igihugu yumvikanyweko.