Amakuru
17 mars 2023

Hakwiye kuba amatohoza kugira abasenyuye icibutso ca Rwagasore i Karusi bashengezwe

Abajejwe intwaro n’ubutungane bakwiye gukora ibishoboka vyose kugira abasenyuye icibutso ca Rwagasore mu ntara ya Karusi bashengezwe. Bivugwa na Tatien Sibomana, umunyepolitike wo mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Tatien Sibomana akibutsa indongozi ko ico kibanza ari ico gukingirwa kubera ari icibutso c’incungu y’ukwikukira .