Amakuru
29 septembre 2022

Hakwiye gutunganywa gushasha ivy’ubutunzi kw’isi ku buryo vyitwararika ibidukikije

Kuva ku munsi wa mbere i Kigali mu Rwanda, hariko harabera inama y’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa, kugira ryige amategeko azogenga ubutunzi buzunguruka bita Economie circulaire. Iyo nama ikaba igamije guhindura uko igisata c’ubutunzi gikora kw’isi nk’uko bivugwa na Catherine Chevauché, arongoye igisata c’ubuhinga mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryo guteza imbere ubutunzi buzunguruka.