Amakuru
27 août 2022

Hagowe abazokwitambika mu nzira z’ubutegetsi. Imana igiye kubahagurukira ibahane

Hariho Abarundi bumvikanye ngo banyegeze igitoro kugira ngo Abarundi bace bagumuka ngo bimere nko mu 2015. Ivyo ni ivyavuzwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yari mu gikorane c’amasengesho c’umugambwe uri ku butegetsi kiba buri wa kane wa nyuma w’ukwezi. Umukuru w’Igihugu akaba yagabishije abitambika mu nzira z’ubutegetsi ko Imana izobahana.