Hafi imiliyaridi ibihumbi bine mu mafaranga y’amarundi, niryo deni leta y’Uburundi ifise. Ivyo bigasigura ko ufatiye ku bantu imiliyoni 12 z’abarundi, umwe wese kuva ku mwana muto afise ideni ry’amafaranga ibihumbi 300. Iryo deni n’aho ari umurengera, ico ntikibuza ko abana biga bicaye hasi ku kubura intebe, ibiraro n’amabarabara bikaba vyirirwa biracika, eka n’izindi nyubakwa za Leta zikaba zikeneye gusubirwamwo. Abahinga mu vy’ubutunzi bakaba bafise amakenga ko naho leta isaba ayo mafaranga, ashobora kuba adakoreshwa neza. Faustin Ndikumana ni umwe muri abo bahinga bafise amakenga. Agasaba ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta kurondera izindi nzira bworonkamwo amafaranga kugira igihugu kireke kuguma caka amadeni y’umurengera.
Amakuru
11 juin 2021