Amakuru
9 juillet 2024

Habaye imibonano hagati y’abashikiranganji b’Imigenderanire b’Uburundi, Urwanda na Congo

Imigenderanire hagati y’ibihugu vy’akarere yoba igiye gusubira kuba myiza ? Ico ni co cizere cibonekeza inyuma y’imibonano y’abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu b’Uburundi, Urwanda na Congo. Iyo mibonano ikaba yabereye muri Zanzibar iruhande y’inama yakoranije muri iryo zinga abashikiranganji b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.