Amakuru
27 février 2024

Gutera i Buringa ukica abanyagihugu ata co bazira, uwubikoze aba ashaka iki ? (F. Bamvuginyumvira)

Abatwara Uburundi barakwiye gukuraho ibituma vyose vyoshobora gusunikira abanyagihugu gufata ibirwanisho. Bisabwa n’urunani CFOR-Arusha. Frédéric Bamvuginyumvira arurongoye abivuze inyuma y’igitero c’abitwaje ibirwanisho giherutse kubera i Buringa mu ntara ya Bubanza ku munsi w’Imana uheruka. Bamvuginyumvira asaba uwofata ibirwanisho wese kwirinda kwica abanyagihugu ata co bazira.