Amakuru
21 juin 2024

Gutera akamo impunzi zitahe ntibikwiye, ahubwo bikwiye kuzihumuriza ku mutekano wazo (CFOR-Arusha)

Abarundi bahunze bahunze umutekano muke wavuye ku guhonyanga amategeko kwakozwe n’umugambwe CNDD-FDD mu mwaka w’2015. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Amenyesha ko icotuma bataha ari ugushaka kwa politike kw’umukuru w’Igihugu mu kwemanga amakosa yakozwe n’umugambwe wiwe, gutyo abahunze bakizera ko ni bataha umutekano wabo uzoba wubahirijwe.