Amakuru
1 février 2022

Gushira umukono ku masezerano yo kwubaka ibarabara ry’indarayi n’ikivuko

Amasezerano yo kwubaka ibarabara ry’indarayi rya Uvinza-Musongati-Gitega be n’ikivuko c’Uburundi i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya yarashizweko umukono hagati y’ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi. Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Nzero. Uwari ahagarariye leta Y’Uburundi, umushikiranganji ajejwe Inyubako za leta Déogratias Nsanganiyumwami, arahumuriza ko ibikorwa nyezina vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi bigiye gutangura mu mezi makeyi.