Amakuru
26 mai 2022

Gushira umuco mw’ikoreshwa ry’amafaranga ya leta bisaba gukurikiza ingingo zimwe zimwe

Uburundi buracari inyuma mu bijanye n’ugukoresha ku mugaragaro amafaranga ya leta, ivyo ngo bica bituma n’iterambere ry’igihugu ritihuta. Ni ko bibonwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Hari mu gihe yariko aratanguza isekeza « Amahera yacu, uburenganzira bwacu » kuri uyu wa gatatu. Faustin Ndikumana agatanga ingingo umunani ngenderwako kugira ikoreshwa ry’amafaranga ya leta akoreshwe mu muco. Muri zo, harimwo itunganywa ry’ivyegeranyo buri mezi atatu hamwe n’itunganywa rishasha ry’ingene ayo mafaranga akoreshwa.