Amakuru
26 décembre 2023

Gushira imbere Imana utubahiriza agateka ka zina muntu uba uriko urabesha (G. Banshimiyubusa)

msg gervais
Kw’itariki 25 Kigarama, abakirisu b’Abarundi barifadikanije n’abandi bo kw’isi mu guhimbaza ivuka rya Yezu Kristu. I Bujumbura, kuri cathédrale Regina Mundi, Gervais Banshimiyubusa, musenyeri mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, akaba yashimikiye mu kuvuga ko gushira imbere Imana utubahiriza agateka ka zina muntu uba uriko uribesha ubesha n’abandi. Ako kamo akaba yagateye mu nkuka y’imisa yo guhimbaza Noweli. Agahamagarira abakirisu guharanira no kwubahiriza ako gateka kugira berekane koko ko bemera Imana.