Amakuru
7 mai 2024

Gushika uno munsi nta wokwemeza ko hari umuntu arwaye umugera Ebola aribonekeza (Dr L. Baradahana)

Mu Burundi nta Ebola ihari. Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Muganga Lydwine Baradahana abivuze ahumuriza inyuma y’ivyo yita ibihuha vyari bimaze iminsi vyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma y’urupfu rw’umwana yariko avurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge i Bujumbura. Ariko umushikiranganji akamenyesha ko ibipimo vyafashwe kuri uwo mwana biriko birasuzumwa. Muganga Lydwine Baradahana yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere.