Amakuru
17 mars 2023

Gukumirana ni yo ntandaro nyamukuru y’ingwano hagati y’ibihugu kw’isi

Ikibazo c’ugukumirana ni co kibazo kiri hagati y’ibihugu bitari bike bigize isi, ico kigatuma haduka ingwano mu bihugu bimwe bimwe. Ivyo ni ivyavuzwe mu nama y’ibihugu bidafise aho vyegamiye yahuje abashingamateka bose bo kw’isi yabaye ku wa 13 Ntwarante. Gélase Daniel Ndabirabe, arongoye Inama nshingamateka mu Burundi, akaba yabivuze atahutse avuye muri iyo nama ku wa 15 Ntwarante. Iyo nama ikaba yabereye i Manama ku murwa mukuru w’ubwami bwa Bahreïn.