Amakuru
27 juin 2024

Guhohotera kiremwa muntu ni umugenzo wa CNDD-FDD ugoye kurandurana n’imizi (F. Bamvuginyumvira)

Ivyo kuboreza igufa bunyamanswa abantu, ababikora babifisemwo uburambe mu mugambwe CNDD-FDD kuva ukiri umuhari urwana. Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu, arerekana ingene ukwica rubozo kwamye kuri mu migambi n’imigabo y’umugambwe uri ku butegetsi, ari na co gituma bigoye gutuza ako kabi uwo mugambwe ukiramutswa igihugu.