Amakuru
12 août 2022

Guhimiriza abakozi bo ku kibuga c’indege kugira ngo bakire neza ingenzi

Hagiye gushirwaho inimero yo guhamagarako mu gihe hari ibitagenze neza ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye. Ni imwe mu ngingo zafashwe n’ubuyobozi bukuru bw’ico kibuga c’indege. Joël Nkurabagaya, arongoye ico kibuga c’indege, avuga kandi ko abakozi bahakora bagiye guhimirizwa gukora akazi kabo neza.