Amakuru
1 décembre 2021

Guhakana ko abantu banyuruzwa nta kindi bigamije atari uguhuvya abantu ku mabi leta ikora

Ibivugwa na Pierre Nkurikiye biratangaza Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, ku babuzwe irengero banyurujwe n’inzego z’igihugu. Avuga ko Pierre Nkurikiye akoresha ububeshi no gusamaza abantu ngo bibagire inyuruzwa ry’ababo rikorwa n’abajejwe umutekano, rikaba ryariyongereye muri iyi minsi.