Amakuru
24 mars 2023

Guha indero nziza urwaruka rw’abigeme ni inkingi y’iterambere ry’umukenyezi

Kugira iterambere ridakumira rishoboke hakenewe ko abigeme bahimirizwa bakarwanya imbanyi batipfuza. Sabine Ntakarutimana, icegera ca Mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka, yabishikirije mu nama yagirishije abakenyezi b’imboneza mu ntara ya Muyinga ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 21 Ntwarante. Sabine Ntakarutimana yasavye n’abagabo gufasha nk’abavyeyi kugira indero y’abigeme igarukirwe.