Amakuru
14 mai 2024

Grenades zasubiriye gukomeretsa abantu mu gisagara ca Bujumbura (P. Nkurikiye)

Abantu 38 barakomeretse igihe haterwa amagrenades mu gisagara ca Bujumbura ku gituro c’imiduga yunguruza abantu ahahora isoko nkuru ya Bujumbura ku mugoroba wo ku munsi wa gatanu. Muri abo bakomeretse, batanu bakomeretse cane. Ico gitero ubushikiranganji bw’Umutekano bufata nk’ic’abihevyi, catumye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ahoza imiryango y’abakomeretse, anabemerera ko bagiye gushengeza ababikoze. Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’Umutekano, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa gatandatu, yamenyesheje ko ata witavye Imana kugeza uno munsi.