Amakuru
29 avril 2023

Gaël Faye avuga ku rupfu rwa Harry Belafonte, Umunyamerika rurangiranwa, yapfuye ku myaka 96

Umuririmvyi rurangiranwa akaba n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu Harry Belafonte muri Amerika, yarashengeye ku myaka 96 biturutse ku ndwara. Akaba yavutse ku mwimukira aturuka mu mazinga ya Caraïbes. Belafonte yakuriye i New-York mu nyuma aba umuririmvyi akomeye. Harry Belafonte akaba yarabaye mu baharanira agateka ka zina muntu akomeye mu myaka y’1950 na 1960, ari iruhande ya Martin Luther King. Ku bw’umuririmvyi akaba n’umwanditsi Gaël Faye, Harry Belafonte yari umuntu adasanzwe mu buzima bw’abirabure na cane cane mu ruhara rwiwe mu kubaronderera ukwidegemvya n’ukwubahirizwa.