Amakuru
24 février 2024

FPR iracarindiriye ko CNDD-FDD iza bakaganira ku bibazo biri hagati y’Uburundi n’Urwanda

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda FPR uraciteze ko umugambwe CNDD-FDD uwegera kugira baganire ku kibazo kiri hagati y’amaleta y’ivyo bihugu bibiri. Vyashikirijwe na Wellars Gasamagera, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe kuri uyu wa gatanu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, igihe yatanguza igikorwa co kuzotora abazoserukira umugambwe mu matora yimirije. Yavuze ariko ko ico ari igikorwa c’amaleta ariko bitobuza ko na bo batanga intererano yabo kugira haboneke umuti urama. Akaba yabishikirije inyuma y’aho umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo yari yamenyesheje ko bagiye kuganira na FPR kugira batore inyishu na cane cane ku kibazo kijanye n’iyugarwa ry’imipaka Uburundi bwapfunze mu kwezi kwa Kigarama.