Amakuru
2 février 2023

FORSC iriyamiriza inyagwa ry’amatongo y’abanyagihugu rikozwe na leta muri Gasenyi na Gishingano

Abanyagihugu baba ku mahegitari 560 kuva mu Gasenyi muri komine ya Mutimbuzi, kugeza ku mutumba wa Gishingano muri komine Isale, mu ntara ya Bujumbura, bagiye kwimurirwa ahandi. Imvo ngo ni ikirimba c’umukuru w’Igihugu n’umutekano waco, nk’uko biri mw’itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’Igihugu ku wa 24 Nzero uno mwaka. Iyo ngingo ije guhungabanya abanyagihugu ikaba ihagaritse umutima urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Umushingwamanza Vital Nshimirimana arurongoye, abibonamwo ubwibone bw’umukuru w’Igihugu mu kunyaga abo yokingiye. Agahamagarira abanyagihugu bakozweko n’iyo ngingo kwitura nyabuna amasentare.