Amakuru
23 mai 2023

Floriane Irangabiye na Emilienne Sibomana barakeneye ubutungane bwigenga

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu wategerezwa kwitaho dosiye ya Floriane Irangabiye kugira ntasubire gukubagurwa n’abarongoye ibohero. Ako ni akamo gaterwa na Eulalie Nibizi, arongoye urunani rw’Abarunndi baharanira agateka ka zina muntu. Akaba ateye ako kamo inyuma y’aho mu ndwi iheze ku wa 16 Rusama, Floriane Irangabiye yakubaguwe n’uwurongoye ibohero rya Muyinga amusanze aho arara muri iryo bohero. Eulalie Nibizi agasaba ko ubutungane bwokora akazi kabwo kugira arekurwe kuko ata caha yakoze uretse akazi kiwe ko guharanira agateka ka zina muntu. Arasaba kandi ko umunywanyi wa sendika SYGEPBU Emilienne Sibomana apfungiwe i Gitega na we arekurwa kuko azira kuba yatabarije abana bajanwa mu busambanyi kw’ishure Christ-Roi ry’i Gitega aho asanzwe akorera, bikozwe n’umuyobozi w’iryo shure nyene. Ku bwa Eulalie Nibizi, umushikiranganji w’Indero yategerezwa kwerekana uruhara rwiwe kugira uwo murezi arekurwe.