Amakuru
23 février 2022

Evariste Ndayishimiye yotegerejwe kwigira ku myiyerekano yo kwiyamiriza amabi y’intwaro ya CNDD-FDD

Abansi b’igihugu si abiyamiriza amabi y’agahomerabunwa akorwa, ahubwo abayakora nibo bansi b’igihugu. Abaharanira agateka ka zina muntu baranegura imvugo y’umukuru w’Igihugu bavuga ko ijuragiza abantu. Mu babibona uko, harimwo umushikirizamanza Dieudonné Bashirahishize, aharanira agateka ka zina muntu akaba yahungiye i Buraya. Kukaba nkako, Evariste Ndayishimiye yavuze ko Abarundi bakoze imyiyerekano ku munsi wa gatandatu uheze biyamiriza amabi akorwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD ari abansi b’igihugu. Ico gihe umukuru w’Igihugu yari mu Bubiligi nyene aho yari ahejeje kuja mu nama igira gatandatu y’abakuru b’ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika n’Ubumwe bwa Buraya. Dieudonné Bashirahishize akavuga ko ahubwo iyo myiyerekano yotegerejwe kubera icigwa umukuru w’Igihugu.