Amakuru
29 avril 2022

Evariste Ndayishimiye yoba ari umwansi w’igihugu ko yavuze ko hariho abantu banyuruzwa ?

Intumbero y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano ni iyo guhuvya abantu. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, aranegura ivyo Petero Nkurikiye yemeje avuga ko ata bantu banyuruzwa. Yabivuze ariko yerekana umwigeme w’i Ngozi yari yatabaje avuga ko yanyurujwe, ariko mu nyuma amatohoza y’igipolisi asanga bwari ububeshi, aca aboneraho akaryo ko kuvuga ko abavuga ko hari abantu banyuruzwa bakoresheje ubuhinga bwa none ari abansi b’igihugu. Pacifique Nininahazwe nawe ati none ko n’umukuru w’Igihugu yiyemereye ko hariho abantu banyuruzwa, nawe yoba ari muri abo bansi ?