Amakuru
22 janvier 2024

Evariste Ndayishimiye yiyemeje gufasha Abanyarwanda kwikura ubutegetsi bubi

Abanyarwanda bategerezwa kwikura ubutegetsi bubi. Ako ni akamo ka Evariste Ndayishimiye yiyemeje kubibafashamwo. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yabivuze ku munsi w’Imana igihe yariko ahura n’urwaruka rwo muri Congo i Kinshasa. Evariste Ndayishimiye akaba yarasubiye kuvuga ko Paul Kagame ari umubeshi ngo kubera yabandanije ari inyuma y’umuhari RED-Tabara, ahamagarira Abanyecongo kwiyunga kugira barwanye umwansi wabo.