Amakuru
12 avril 2023

Evariste Ndayishimiye yemeza ko Abarundi bavuga ko bashonje ari bo ubwabo bavyitera

Umukuru w’Igihugu arahakana y’uko mu Burundi ata banyagihugu bugarijwe na kigoyi. Mu kiganiro yahaye abajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye yemeza ko abashonje uno munsi ari ibinebwe vyari bimenyereye kurya bidakoze.