Amakuru
9 novembre 2022

Evariste Ndayishimiye yarahuje abakuru b’ibihugu vya EAC i Sharm el-Sheikh ku kibazo ca Congo

Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda barabonanye imbona nkubone ku munsi wa mbere. Bukaba bwari ubwa mbere bahura. Hari mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yatumweko na Evariste Ndayishimiye i Sharm el-Sheikh mu Misiri, hariko habera inama y’abakuru b’ibihugu n’amaleta kw’isi, aho bariko biga ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe. Iyo nama rero ikaba yari iyo kuvugana cane cane ikibazo c’umutekano muri Congo.