Amakuru
19 avril 2024

Evariste Ndayishimiye ubu yicisha uburozi nk’uko yabikoze kuri Nkurunziza (Nzabampema)

Umurwi ujejwe kurekuriranira no kunywanisha Abarundi nta kindi ugamije atari ukubacanishamwo, ivyo bigaterwa n’uko umugambi wa CNDD-FDD ari uwo kwica gusa. Ivyo binegurwa n’umuhari w’abarwanyi FNL. Général Aloys Nzabampema, arongoye uwo muhari, avuga ko ubutegetsi budahengeshanya kugandagura abantu mu gihugu eka no hanze, ivyo ngo uwa mbere abitangira amategeko akaba ari umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Aloys Nzabampema akaba yabivuze ariko asoma itangazo uwo muhari waraye usohoye kugira unegure intwaro ya CNDD-FDD.