Ku vyavuzwe n’umukuru w’igihugu mu kiganiro kuri RFI ko Abarundi ata kintu na kimwe bakenye, Agathon Rwasa abona ko ari kutishira mu kibanza c’abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bishwe n’ubukene kubera we ataco abuze. Uwo arongoye umugambwe CNL agahanura umukuru w’igihugu ko agomba guhakana icegeranyo ca Banke nkuru y’isi yose gishira Uburundi mu kibanza ca nyuma mu bihugu bikenye kw’isi, yobihakana akoresheje ibiharuro kuko n’ico cegeranyo cabishikirije gikoresheje ibiharuro.
Amakuru
22 juillet 2021