Imyaka ine irarumanye kuri uno wa 18 Ruheshi umwaka w’2024 Evariste Ndayishimiye aramutswa igihugu c’Uburundi. Akaba yashitse ku butegetsi inyuma y’amatora abatari bake bavuze ko yaranzwemwo utunenge twinshi haba mu batavuga rumwe na leta co kimwe na bamwe mu mugambwe wiwe CNDD-FDD, aho hari n’abiyemerera ko intsinzi yari iya Agathon Rwasa. None vyoba biri mu vyatumye Evariste Ndayishimiye asa nk’aho atigeze agira ubutegetsi bwuzuye muri ino myaka ine iheze nk’umukuru w’Igihugu ? Imyaka ine yaruhiye gusubiza inyuma ku rugero runini. Uno munsi Abarundi bakaba bamufata nk’umukuru w’Igihugu mubi igihugu kitari bwagire kuko ibisata vyose vy’igihugu vyasubiye inyuma, aho biboneka ko inyishu kuri ivyo bibazo ataziriho muri kino gihe, abanyagihugu na bo bagasa n’abiyakiriye muri ayo magorwa.
Amakuru
19 juin 2024