Evariste Ndayishimiye ngo biramugora kumenya uruhara rwiwe nk’umukuru w’igihugu mu gufata ingingo kuko hamwe yifata nk’umunyagihugu muto. Bivugwa n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, inyuma yaho umukuru w’igihugu avugiye ko abanyeshure bo muri kino gihe ata bumenyi bagifise. Frédéric Bamvuginyumvira agasaba ko hotunganywa inama rukokoma irimwo abegwa bose n’ibijanye n’indero yo mu mashure kugira hagarukanwe akanovera mu bumenyi.
Amakuru
3 février 2021