Amakuru
21 septembre 2023

Evariste Ndayishimiye azogarukira he ? Ni ikibazo cibazwa n’ishirahamwe IDHB

« Uwo bahiganwa umwe yaneshejwe, Evariste Ndayishimiye azogarukira he ? », ni ikibazo ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ryibaza mu cegeranyo caryo ca nyuma casohotse ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Ku bw’iryo shirahamwe, kuva mu ntango, umukenyuro wa président Ndayishimiye wabaye uwo kuja ahabona mu gushikiriza amajambo asosa agaragaza ugushaka kwiwe ko ibintu mu gihugu bitegerezwa guhinduka. Yamara biratangaza Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe IDHB, kuko inguvu ziwe mu guhindura ibintu, na cane cane mu bijanye n’agateka ka zina muntu ata ho bihuriye n’ivyo yiyemeza.