Amakuru
29 mars 2024

Evariste Ndayishimiye asotora Urwanda kugira anyegeze ko yananiwe gutwara (Bamvuginyumvira)

Ukunanirwa gutorera umuti ibibazo Uburundi bufise ni kwo gutuma Evariste Ndayishimiye arondera kuja mu ngwano yo muri Congo. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu c’Urwanda amenyeshereje ko Evariste Ndayishimiye yamubeshe ko atariko ararungika ingabo z’Uburundi mu buseruko bwa Congo. Bamvuginyumvira abona ko Ndayishimiye ariko agerageza kurondera ukuntu abesha Abarundi ko ibibazo bafise babiterwa n’Urwanda, gutyo abe avuye mu bimaramare vyo kunanirwa gutwara igihugu.