Amakuru
13 août 2022

Evariste Ndayishimiye asaba imigambwe itavuga rumwe na leta kudasuzugura ibikorwa vyayo

Imigambwe itavuga rumwe na leta itegerezwa gushigikira ibikorwa vya leta bakareka kubisuzugura. Akamo katewe kuri uyu wa kane n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mu gusozera umwiherero w’iminsi ibiri watunganijwe ku migambwe n’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha, imigambwe itavuga rumwe na leta ntaco ifise yofatirako ngo ishigikire leta, kuko umugambwe uri ku butegetsi washize igihugu mu bibazo bitagira izina.