Amakuru
7 février 2024

Evariste Ndayishimiye ariyamiriza Amasezerano ya Arusha agahitamwo iyubahirizwa ry’amategeko

Uburundi ntibwari bukwiye kwubakira ku masezerano ya Arusha, nyabuna bukwiye kwubakira kw’iyubahirizwa ry’amategeko. Bishikirizwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mu kiganiro buca hahimbazwa umunsi mukuru w’Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi. Yamenyesheje ko akeneye kwumva Abarundi basaba Uburundi bushingiye ku mategeko kuko amategeko atagira umupaka kandi ata muntu n’umwe ayaja hejuru.