Amashirahamwe ajejwe gukura imicafu mu gisagara ca Bujumbura arashobora guhagarikwa. Umukuru w’Igihugu ni we ayagabisha. Evariste Ndayishimiye yabimenyeshereje mu masengesho yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa kane. Ndayishimiye amenyesha ko ayo mashirahamwe adashoboye gusukura neza igisagara agiye kwakwa isoko gutyo hakore ayandi mashirahamwe abishoboye.
Amakuru
1 mars 2024