Amakuru
3 mars 2021

Evariste Ndayishimiye aragabisha abajejwe intwaro bazokwagirwa no kunyuruza amatungo ya leta, ko bazokwirukanwa mu kazi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aragabisha abajejwe intwaro bazokwagirwa no kunyuruza amatungo ya leta, ko bazokwirukanwa mu kazi. Imbere y’abagumyabanga bo muri komine Buraza, mu ntara ya Gitega, Evariste Ndayishimiye aremeza ko amafaranga atari make atozwa mu makori n’amatagisi, adashika mu kigega ca leta.