Amakuru
15 février 2023

Evariste Ndayishimiye afata abashomeri mu Burundi nk’ibinebwe

Mu gihugu c’Uburundi nta bashomeri bahari, hari ibinebwe gusa. Abashomeri baba mu bihugu vya Buraya. Ayo majambo ni yo umukuru w’Igihugu yakoresheje mu kugereranya abatagira akazi mu Burundi. Evariste Ndayishimiye yabivuze ku munsi wa gatanu uheze, mu kiganiro yagiranye n’urwaruka cabereye mu gisagara ca Bujumbura.