Amakuru
23 décembre 2020

Emmanuel Kir

Ubutegetsi bw’Uburundi buriko burakora ibishoboka vyose kugira buzimanganye ubwicanyi bwagiye burakorwa kuva mu mwaka w’1993 uhereye ku cibutso c’urwaruka rw’abanyeshure bagandaguwe kw’ishure rya Kibimba mu 1993. Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC Genocide Cirimoso ririyamiriza ibikorwa vy’imbonerakure vyo gusambura icibutso co kw’ibubu no mu Gatumba ahahambwe abanyamulenge bagandaguwe mu 2004. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru wa AC Genocide igisata co muri Canada, aributsa ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryari ryaremeye gushiraho sentare ihana abakoze ubwicanyi, ariko n’ubu haracari ukudahana mu gihugu.