Amakuru
9 septembre 2022

Eliezaire Ushindi, Umucongomani yahunze azira kurwanya amajambo abiba urwanko

Hari umunyagihugu wo muri Kivu yo mu bumanuko mu gihugu ca Congo yahunze kubera bashaka kumugirira nabi, kubera arwanya amajambo aturira yo kurwanya Abatutsi n’Abanyamulenge b’abacongomani. Yitwa Eliezaire Ushindi, umusore yatanguje ico gikorwa amaze kubona ko bamwe mu bo bari kumwe mw’ishirahamwe « LA LUCHA » basigaye bari mu bashikiriza bene ayo majambo. Bamwagiriza ko akorera Urwanda. Mukurikire agace k’intahe yiwe muzoshobora gukurikira ku mbuga zacu mu minsi iza.