Amakuru
19 mai 2023

Ekleziya katolika irashima ukuntu umukuru w’Igihugu yitanga mu guteza imbere igihugu

Leta irashimishwa n’ibikorwa Ishengero katolika rikora. Bivugwa na Musenyeri Bonaventure Nahimana, arongoye Inama y’abepiskopi katolika mu Burundi. Yabishikirije inyuma y’umubonano umukuru w’Igihugu yahaye abarongoye Inama y’abepiskopi katolika, wabaye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Rusama. Yamenyesheje kandi ko na Ekleziya katolika ishima utwigoro tw’umukuru w’Igihugu mw’iterambere.